Igiporisi c’Uburundi cerekanye uwagirizwa ubusuma bw’imodoka

Inyuma y’iminsi havugwa ubusuma bw’imiduga mu gisagara ca Bujumbura,igiporisi c’Uburundi carerekanye umugabo azwi kw’izina rya KWIZERA Jean Bosco yagirizwa kwiba imiduga. Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko yafashwe inyuma y’imodoka zitatu zafashwe n’igiporisi zibwe na KWIZERA Jean Bosco, mu mpera z’umwaka uheze wa 2017.

Umuvugizi w’igiporisic’Uburundi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uwo musuma KWIZERA Jean Bosco yafatiwe mu bunywero buri hafi y’ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, inyuma yaho hari umuntu yibwe imodoka mu mwaka wa 2014 abonye imodoka isa nayo aca abimenyesha abajejwe umutekano ariho iyo modoka yaca ifatwa.

Pierre NKURIKIYE avuga ko inyuma y’imisi mike iyo modoka ifashwe ,haciye hafatwa iyindi modoka ifise imparati nk’imwe ya mbere yafatwa ,mu nyuma bene kuzifatanwa bamenyesha abajejwe umutekano ko baziguriye umuntu umwe,ariwe KWIZERA Jean Bosco.

Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko, igiporisi cahavuye kija gusaka aho KWIZERA Jean Bosco yari asanzwe aba mw’ihoteri yitwa Welcome Hotel muri zone Musaga ,bahatora sanze ibintu bitandukaye vyibwe n’uyo musuma, harimwo n’amakarata karangamuntu,urupapuro rw’inzira PASSPORT,amakarata yo mu mabanke akoreshwa mu kubikuza amafaranga, Visa,ikarata y’umuyangihugu w’umufarasa hamwe n’impfunguruzo zibiri zugura imiduga itandukanye uyo musuma yakoresha mu kwiba.

Tubibutseko KWIZERA Jean Bosco atari irya mbere afatwa yagirizwa ubusuma bw’imodoka,mu kwezi kwa 6 mu mwaka wa 2016 akaba yafashwe yagirizwa kwiba imodoka 7.

Publicités