🌈INGEN’ISI YANKA YESU NABIWE🌈
YOHANA 15:18_19_20_21_22_23_24_25_26_27.
18/Isi ni yabanka,mumenye ko jewe yabanje kunyanka,itarabanka.
19/Iyo muba ab’isi,isi iba ikunze icayo,maze kuko mutar’isi,ariko nabatoranije mu b’isi,ni co gituma isi ibanka.
20/Mwibuke rya jambo nababwiye,nt’umushumba ntaruta shebuja;Namba barampamye,namwe bazobahama,namba baritondeye ijambo ryanje,n’iryanyu bazoryitondera.
21/Arikw ivyo vyose bazobibagirira babahora izina ryanje,kuko batazi uwantumye.
22/Iyo ntaba naraje ngo ngire ico mbabarira,nta caha baba bafise, Ariko none ntibari n’ico bireguza icaha cabo.
23/unyanka aba yanka na Data.
24/Iyo ntaba narakoreye ibikorwa muri bo bitigeze gukorwa n’uwundi,nta caha baba bafise,ariko noneho twe na Data baratubonye,baraheza baratwanka.
25/Ariko vyabaye birtyo kugira ngw ijambo ryanditswe mu vyagezwe vyabo rishike,ngo banyankiye ubusa.
26/Arik’umwitsa ah’azozira,uwo nzobarungikira ava kuri Data,ni we mpwemu w’ukuri akomoka kuri Data,uwo niwe azonshingira intahe,
27/Kandi namwe nyene muranshingira intahe,kuko mwari kumwe nanje uhereye mbere na mbere.🙏
AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏