Igiporisi c’Uburundi cahagaritse abagabo bane bibisha uruyeri

Abagabo 4 bava mu gihugu ca Repuburika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo biba bakoresheje urwenge bafashwe n’igiporisi ,muri zone ya Kinama. Uko ari bane bafashwe inyuma yaho umwe mu banyagihugu yahenzwe nabo, yitwaye mu giporisi avuga ko bamwivye amafaranga ashika imiriyoni 5 z’amarundi.

Abo bahagaritswe n’igiporisi c’Uburundi ni uwitwa HAMISI Mulondjwa,Alexis Saleh,SIMBA Simu hamwe na Ibrahim Israel.

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abo bibisha uruyeri bahenda abantu ko batanze amafaranga baca babafasha kuronka impapuro zibaha uburenganzira bwo kuja kuba mu gihugu ca Australie.

Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi avuga ko abantu bashika 70 aribo bari bamaze kwibwa mur’ubwo buryo umwe umwe wese akaba yatangishwa amadorare y’abanyamerika ashika 165.

Pierre NKURIKIYE avuga kandi ,ko abo bibisha urwenge bahenda abantu ko bakora mw’ishirahamwe rifasha abahohotewe bishingiye kugitsina ryitwa AVVC (Association de Victimes de Violences de la Republique Democratique du Congo),bakabesha bavuga ko rikorana n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira IOM hamwe n’ishirahamwe ryitaho impunzi n’abahungutse mu Burundi ONAPRA

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s