Somaliland : Inama nshingamateka yemeje itegeko rihana abafata abakenyezi ku nguvu

Inama nshingamateka y’igihugu ca Somaliland cihaye ubwigenge , yemeje itegeko rihana icaha co gufata abantu ku nguvu. Muri iryo tegeko bitegekanijwe ko uwuzokwagirwa n’ico caha azohanishwa igihano co gupfungwa imyaka 30.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko iryo tegeko ribuza kandi uburyo bwari buhasanzwe bwo guhuza abantu mu muco ku vyaha bifatiye ku gitsina.

Amashirahamwe aharanira agateka k’abakenyezi, amenyesha ko yashimye iryo tegeko rimaze imisni ritegurwa.

Iryo tegeko riravuga ko imanza zo gufata abagore ku nguvu zitegerezwa guca muri sentare, kandi ko ata murongozi mu muryango afise uburenganzira bwo kuzica, hisunzwe umuco.

Bamwe mu bakurikirana hafi ibibera mu gihugu ca Somaliya, bavuga ko kubera inguvu ziri mu muco w’abanya Somaliya bato bato,bitazokworoha gushira mu ngiro iryo tegeko.

Publicités