Tanzaniya : Abakobwa batanu bafise inda n’abavyeyi babo bahagaritswe n’igiporisi

Igiporisi ca Tanzaniya cafashe abakobwa batanu bafise inda hamwe n’abavyeyi babo. Ubutegetsi bwa Tanzaniya buvuga ko bwakoze ico gikorwa, mu ntumbero yo kurwanya inda z’ishushu.

Ico gikorwa cabereye mu bumanuko bw’igihugu ca Tanzaniya, aho igituguru c’abakobwa batwara inda bakiri kw’ishuri ari kinini, gusumba mu bindi bice vy’igihugu.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abaharanira agateka ka zina muntu, batashimishijwe n’iyo ngingo, bavuga ko abagabo batera inda abo bana ari bo bategerezwa guhagarikwa.

Ayo makuru nyene amenyesha ko ubushakashatsi buheruka gukorwa bwerekanye ko ica kane c’abakobwa bafise hagati y’imyaka 15 na 19 muri Tanzaniya ari abavyeyi, canke bamaze gusama inda ya mbere.

Publicités