’’Ubutegetsi burafise ububasha bwo gusaba abanyagihugu kwemeza ibwirizwa nshingiro’’

Mu gihe hari imyidogo ya bamwe bavuga ko muri Reta bamaze kurarikira abanyagihugu kwemeza ibwirizwa nshingiro,umwunganirizi akaba w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, akaba n’umuvugizi w’ubushikiranganji amenyesha ko Reta ifise uburenganzira bwo kubikora.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere igebekerezo rya 8 Nzero 2018, Therence NTAHIRAJA avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yavuze ko,mu gihe Reta ariyo yateguye ibwirizwa nshingiro itogaruka ngo yivuguruze.

Therence NTAHIRAJA avuga ko mu kurindira ko umurwi utegura amatora CENI utanga uburenganzira ku bandi bwo gusigurira abanyagihugu ibiri mw’ibwirizwa nshingiro ryahinyanyuwe,abategetsi b’igihugu aribo bonyene bafise uburenganzira bwo kubikora.

Umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba n’umuvugizi w’ubushikiranganji asaba abandi banyeporitike kurindira umurwi utegura amatora CENI ugatanga uburenganzira.

Mu murwi utegura amatora CENI, babicishije ku muvugizi wawo Prosper NTAHORWAMIYE, abavuga ko hatari bwagere ko, abasigura ivyahinyayuwe mw’ibwirizwa nshingiro bahamagarira abarundi gutora EGO, kuko hari ikiringo bitegekanijwemwo n’amategeko.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s