Abantu 13 bahitanywe n’umusozi wabaguyeko muri Amerika

Abantu 13 bahitanywe n’imisozi yabaguyeko kubera imvura nyinshi yaguye mu bumanuko bw’intara ya California muri Amerika nk’uko bivugwa n’abategetsi.

Abandi 163 bari mu bitaro, mirongo ibiri muri bo bakaba bafise ibikomere vyavuye kuri iyo mvura nyinshi.

Bane bakomeretse cane. Abantu bashika 300 bivugwa ko babuze aho baca mu burengero bw’igisagara ca Santa Barbara.

Igipolisi kivuga ko akarere karangwamwo iyo misozi yabomotse gasa « n’ahabereye intambara ya mbere y’isi yose ».

Iyo myuzure n’ibomoka ry’imisozi vyononye tumwe mu turere twari twasizwe iheruheru n’umuriro mwinshi, hamwe n’amabarabara makuru makuru yo ku kivuko ku birometero 48.

Abakozi bajejwe gutabara bavuga ko hari abantu benshi bataramenyekana irengero ryabo kandi ko igitigiri c’abitavye Imana gishobora kwongerekana.

Abategetsi w’abasirikare bagwanira mu mazi barungitse indege nyinshi mu gufasha gutabara kandi bagabishije abantu ngo nihakoreshwe indege zitagira abadereva kuko zotera ingorane abaje gutabara.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi baba i California basabwe gukura meze, incuro ya kabiri mu kiringo c’amezi abiri.

Ubwa mbere kwari kubera umuriro, ubu na ho ni kubera imvura.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s