Cibitoki : Umugabo yafashwe afise ivyo yahora akoresha mu kwiba

Umugabo azwi kw’izina rya Yeremiya NSABIMANA niwe yahagaritswe mu gatondo ko kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 10 Nzero 2017 yagirizwa ubusuma. Muvyo yafatanywe, harimwo impfunguruzo nyinshi bivugwa ko arizo yakoresha mu kwiba.

Yeremiya NSABIMANA yafatiwe ku mutumba Ndava, wo muri komine Buganda, intara ya Cibitoki afise ibikoresho bitandukanye vyibwe, bigizwe n’ipikipiki,n’ibindi bikoresho.

Amakuru ava aho i Buganda,amenyesha ko muvyo yafatanywe harimwo ibikoresho yakoresha mu kwugurura utuzu badandarizamwo kugira yibe ibiriyo.

Abanyagihugu aho i Buganda, bemeza ko hari haheze igihe hari umurwi w’abasuma wiba mu mazu, bagasaba ko uwo yafashwe yohanwa hisunzwe amategeko.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s