Inyuma y’ibiganiro vya mbere bibaye hagati ya Koreya yo mu Buraruko na Koreya yo mu Bumanuko,mu myaka irenga ibiri, igihugu ca Koreya ya Ruguru cemeye kurungika abanonotsi mu gihugu ca Koreya y’Epfo mu nkino mpuzamakungu zo kunonora imitsi zizoba mur’uno mwaka.
Igihugu ca Koreya y’Epfo catanze iciyumviro, ko umurwi wa Koreya y’Epfo n’iyo mu Buraruko, bohurira mu birori vyo kwugurura izo nkino ku mugaragaro.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko, umushikiranganji w’imigenderanire mu gihugu ca Koreya y’Epfo, yavuze ko bariko bariga ingingo yo gukura vy’infatakibanza ibihano vyafatiwe igihugu ca Koreya ya Ruguru, kugira abategetsi bazoze muri izo nkino.
Abategetsi bo muri ivyo bihugu berekanye ko bafise icizere ko ibiganiro bishobora kuba kandi bigatuma ukutumvikana kuri hagati yavyo kugabanuka.