🌈NTITWIGANYIRE🌈
LUKA 12:28_29_30_31_32_33_34.
28/Non’IMANA ko yambika ivyatsi vyo ku misozi irtyo,birih’uyu musi,ariko nk’ejo bigatererwa mu ziko,mbega ntizorushiriza kubambika,mwebwe ab’ukwizera guke mwe?
29/Kandi ntimukitwararike ivyo murya n’ivyo munywa,ntimukiganyire.
30/Kukw ivyo vyose abanyamahanga bo mw isi ari vyo bitwaririka,ariko so arazi ko mubikena ivyo,
31/Ariko mwitwaririke ubwami bwiwe,ni ho ivyo muzovyongerwa.
32/Yemwe mwa busho buto,ntimutinye:kuko so bimuhimbara kubaha ubwami.
33/Mugure ivyo mufise,mutange ibiguzi vyavyo kubw’ubuntu mwibaririre imipfuko idashira,u ubutunzi budashira buri mwijuru,ahategerwa n’igisuma,ata n’inyenzi zonona.
34/Kukw ah’ubutinzi bwanyu buri ari ho Imitima yanyu izoba.👏AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU👏