USA: Donald Trump ati: « Haïti na Salvador ni ibihugu ataco bimaze « 

Donald Trump, umukuru w’igihugu ca Amerika, yifatiye mu gahanga ibiguhu vya Haïti na Salvador, n’ibindi bihugu vya Afrika mu kuvyita ibihugu ataco bimaze, «des pays de merde» mu rurimi rw’igifaransa.

Nkuko kinyamakuru RFI kibimenyesha, Donald Tump yavuze ukwo mu gihe abakenguza mateka bari bamushikirije ikibazo kijanye n’abimukira.

Abo mu mugwambwe w’aba Républicains uri ku butegetsi ushigikiye ko tombola ya Green Card isanzwe ifasha abimukira kwinjira muri Amerika ko yofutwa, hamwe no gukomeza umutekano wo ku mbibe, mu gihe abari mu mugambwe w’aba démocrate bo baharanira ko abinjiye muri Amerika bakiri bato bokwongerezwa igihe co kuba muri Amerika, hamwe no gukingira abakomoka muri Haiti no muri Salvador.

Niho Donald Trump yaca ashikiriza ikibazo n’agashavu ati.«Ni kuberiki abo bantu bose bava mu bihugu bitagira akamaro baza muri Amerika?»

Roberto Lopez, icegera c’uwutwara igisata c’ubudandaji c’abakomoka mu gihugu ca Salvador, avuga ko ari akayobera bahinga, ko amajambo Donald Trump yashikirije atarayo kuvugwa n’indongozi.

Mia Love, wo mu mugambwe waba Republicain akaba akomoka muri Haiti nawe avuga ko inyifato ya Donald Trump iciye kubiri n’imico n’imigenzo iranga abanya Amerika.“ Ati iyo nyifato siyo gusabirako, ntibereye umurongozi wa Amerika.”

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s