Abantu 41 bapfuye abandi benshi barakomereka mu muriro wadutse mu bitaro bimwe vyo mu gihugu ca Korea y’Epfo.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abategetsi muri Koreya y’Epfo bavuga ko igitigiri c’abapfuye gishobora kwongerekana bivuye ku bakomeretse.

Amakuru avuga ko uwo muriro watanguriye mu kibanza bavuriramwo indembe mu bitaro vya Sejong, mu bumanuko bushira ubuseruko bw’ico gihugu ca Koreya y’Epfo.

Bivugwa kandi ko abantu barenga 100 aribo bari muri ivyo bitaro, igihe uwo muriro waduka.

Amafoto ari ku mbuga ngurukanabumenyi, yerekana abajejwe kuzimya umuriro bariko baragerageza kuwurwanya mu gihe haboneka n’umwotsi mwinshi.

Mu mwaka uheze, abantu 29 barapfuye mu gisagara ca Echeon muri Korea y’epfo, abandi barakomereka inyuma y’aho hadukiye umuriro mu kibanza kiberamwo imyimenyerezo.