Abanyeporitike bahuriye i Nairobi ngo nta cizere abarundi bobitegako kubwa Keffa NIBIZI

Umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye amenyesha ko birekuwe ko abanyeporitike baja hamwe ariko bivanye n’intumbero bafise. Keffa NIBIZI asigura ariko ko, kuba abanyeporitike batavugarumwe na Reta bakorera mu gihugu n’abakorera hanze bariko bitegura kuja hamwe ata rukiza abantu bobitegako, kuko ata cizere c’uko hari ikintu kinini kizovamwo.

Keffa NIBIZI avuga ko kuba abanyeporitike bavuga ko batavuga rumwe na Reta bahuriye I Nairobi,ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya babifata nk’igitangaza, kuko harimwo abasanzwe bari mu gihugu mu mwidegemvyo.

Umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye, asigura ko inama yo kuvuga ibijanye n’igihugu, itobera hanze y’igihugu, kuko bikozwe ukwo bica ariko biboneka ko umenga harimwo iyindi mikino.

Keffa NIBIZI arahakana ivyashikirijwe n’abatavugarumwe na Reta bakorera hanze y’igihugu hamwe n’abakorera mu gihugu, aho bamenyesheje ko guhinyanyura ibwirizwa shingiro bishobora gutuma haba uruhagarara canke intambara.

Avuga ati :« Bavuze ko gusubiramwo ibwirizwa shingiro bishobora kuvamwo intambara , canke uruhagarara ni ugushikuza, kuko abanyagihugu aribo bafashe ingingo yo guhinyanyura ibwirizwa nshingiro, ntaho iyo ntambara yova. »

Ku vyashikirijwe n’abo banyeporitike b’abarundi bahuriye mu gihugu ca Kenya, ko guhinyanyura ibwirizwa shingiro bishobora gutuma haba izimanganywa ry’amasezerano ya Arusha, Keffa NIBIZI asigura ko Uburundi budatwarwa n’amasezerano, ariko butwarwa n’ibwirizwa shingiro nk’ibindi bihugu.

« Uburundi ntibutwarwa n’amasezerano ya Arusha. Mw’ibwirizwa shingiro rishasha ingingo zikomeye z’urufatiro zirimwo, nk’ibijanye no kugabangana ubutegetsi bafatiye ku butandukane, uko inzego z’umutekano zubatse, ibijanye n’uko ata muntu arenza ibiringo bibiri yikurikiranya vyagumemwo, ingingo nyamukuru zari muri Arusha zagumyemwo. »

Keffa NIBIZI arongoye umugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye, ariyamiriza kandi ivyashikirijwe n’abo banyeporitike, aho bavuze ko amatora yoshobora kuba mu kindi gihe, agasigura ko inzego zoba zihari muri ico gihe zitoba zifise izina.

Keffa NIBIZI,umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye

Asaba abanyeporitike bose kuja mu ntumbero imwe y’amatora, abari hanze y’igihugu batahuke mu gihe ataco biyagiriza,abafise ivyo bagirizwa bitabe ubutungane kugira bubatunganirize.

Keffa NIBIZI arongoye umugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye , avuga ko ari ibisanzwe ko abanyeporitike bakurikije amategeko baja hamwe, ariko ko inzira y’amatora yonyene mu bihe vyashinzwe, ariwo muti urama kugira abanyeporitike bateze imbere igihugu mu bijanye n’ubutunzi n’intwaro rusangi.