Ijambo ry’Imana ridusaba guharira abatugirira nabi mbere no gusengera abaduhama.

🌈DUHARIRE ABATUGIRIYE N’ABI🌈

1/Ijambo RY’IMANA ridusaba kwama duharira abandi kugira ngo Data wo mw’IJURU aduharire natwe.

2/MATAYO 18:21_22.Maze PETERO aza aho ari,aramubwira ati:Mwami,mugenzanje niyangirira nabi,nzomuharire ngeze kangahe? Ngeze indwi? YESU aramubwira ati:jeho sindakubwira yuko ugeza incuro indwi,ariko ugeze kuri mirongo indwi incuro indwi.

3/KOLOSAYI 3:13_Mwihanganirana,muharirana,iyo umuntu agize ico apfa n’uwundi.Nk’uko Umwami wacu yabahariye,namwe mube ari ko muharirana.

4/MATAYO 6:14_15.kuko nimwaharira abantu ivyaha vyabo,na so wo mw ijuru azobaharira namwe,Ariko nimutaharira abantu ivyaha vyabo,na so na we ntazobaharira ivyaha vyanyu.🙏AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏