Inyeshamba Yakutumba nabarwanyi biwe boba bari kuvurirwa i Burundi?

Hariho amakuru aguma acanacanako avuga yuko umukuru w’inyeshaba zigwanya Leta yakongo co kimwe n’abandi bagwanyi baba mayi mayi ngo boba barambutse ikiyaga Tanganyika bakaza kuvurigwa i Burundi mu ntara ya Rumonge. Abo bavuga ayo makuru barongerako bati mbere uwo Yakutumba yakiriwe n’ukuru w’iperereza ry’igihugu c’Uburundi mu ntara ya Rumonge.Abamenyeshamakuru bo mw’Ihanga ry’Imana ABISEZERANO bagize igendereza ryabo kugira ngo batohoze iyo nkuru basanga hariho impunzi z’abanyekongo nyinshi kandi muribo yuko harimwo abakomeretse bikomeye muguhunga mugabo yuko atakintu cerekana yuko ari abagwanyi. Ikindi ni uko uyo Yakutumba atigeze ahonyora aho murumonge. Ahubwo ikizwi ni uko icegera ciwe nabo barikumwe boba bapfungiwe mu biro bikuru vyiperereza.

Ikindi iciyerekana coco nuko ugarutse mu micungararo ya bujumbura ubonako abasirikare ba Kongo bafatanije n’abasirikare b’uburundi mukugwanya inyeshamba za FNL zirongowe na Nzabampema mukarere k’ishamba ryimeza rya Rukoko risanzwe risangiwe nivyo bihugu uko ari bibiri hakurya no hakuno.