Umugabo wo ku mutumba Muhene , Zone Mugege, komine Butaganzwa, intara ya Ruyigi yafashwe mu gatondo ko kur’uyu wa kane igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2018, akaba yafatanywe imivyaro 119 y’urumogi.
Uwo mugabo yafashwe azwi kw’izina rya NZANIYE asanzwe avuka aho k’umutumba wa Muhene zone Mugege ,komine Butaganzwa, mu ntara ya Ruyigi.
Amakuru ava aho i Mugege, amenyesha ivyo biti vy’urumogi 119 vyari bitewe mw’itongo ry’uwo yabifatanywe.
Umwe mu bajejwe intwaro muri komine Butaganzwa, akamenyesha ko amakuru ko NZANIYE yoba afise umurima w’urumogi, bayamenye babifashijwemwo n’umurwi w’umutekano uhurikiyemwo bose.
Akavuga ko uwo mugabo yafatanywe urumogi yamaze gushikirizwa ubutungane mu ntara ya Ruyigi.
![]()
Nzaniye, umugabo yafatanywe ibiti vy’urumogi