Tugiriranire amahoro n’abantu bose natwe tuzogira Amahoro y’umusesekara.

🌈TUGIRIRANIRE AMAHORO N’ABANTU BOSE🌈

1/twumvikane n’abantu Bose,twirinde ntihagire uwo tugirira inzigo kuko vyodukwegera ibibi.

IMIGANI 25:8_ntukihutire kuburana,uburuhiro ntuz’usange waguye mu rudubi,mugenzawe amaze kukumaramaza.

2/ABAHEBURAYO 12:14_15_16_17.mukurikire kugiriranira Amahoro n’abantu Bose,n’ukwezwa,kuk’utejejwe atazoraba Umwami,

15_mwizigame,ntihagire umuntu adashikira Ubuntu BW’IMANA,kandi ntihagire umuzi wo kurura umera,ukabahagarika Imitima,abenshi bakandura,

16_ntihabeh’umushurashuzi ,cank’igihumane nka ESAU,yaguranye ivyo kuba samurarwa kwiwe ingaburo imwe.

17_kuko muzi yuko hanyuma,hamwe yagomba kurarwa umugisha,etemerewe,kukw atabonye uburyo bwo kwihana,naho yawurondera cane arira.

3/MATAYO 5:9_HAHIRWA ABABANGURANYA,kuko ari bo bazokwitwa Abana b’IMANA.

4/IMIGANI 3:29_ntukagirire imigabo yo kugirira nabi mugenzawe kand’abana nawe Amahoro.🙏AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏