Abakomiseri 3 bari mu bagize umurwi w’ukuri no kunywanisha abarundi barahiye

Abakomiseri batatu baheruka gutorwa kugira basubirire abavuye mu murwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi CVR barahiye kwinjira mur’ayo mabanga imbere y’umukuru w’igihugu n’imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka.

Abo ba komiseri batatu barahiye kugira basubirire abatari bakiri muri uwo murwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR, ni Pasitori Clement Noe NZIZA,Patiri Pascal NIYONKURU hamwe na Leonce NGABO.

Umukuru w’umurwi wo kumenya ukuri no kunywansiha abarundi Musenyeri Jean Louis NAHIMANA yamenyesheje ko, ubu bagiye kworoherwa mu bikorwa vy’umurwi bajejwe kuko bahora ari 8 inyuma yaho 3 bahora mur’uwo murwi bagiye mu bindi bikorwa.

Amajambo bagarutseko mu kurahira, ajanye n’uko bazorangura ibikorwa vyabo ata guhengama,ata gukumira kugira bamenye ukuri mu ntumbero yo kunywanisha abarundi, mu kwubahiriza amategeko agenga umurwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi.

Abo bakomiseri batatu basubiriye,Musenyeri Bernard, Patiri Desire YAMUREMYE hamwe na Didace KIGANAHE.

Publicités