Kenya: Miguna yagirijwe guhemukira igihugu mu kurahiza Raila Odinga

Umunyapolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kenya, Miguna Miguna yagirijwe guhemukira igihugu ku ruhare yagize mu birori vy’irahira rya Raila Odinga mu kwezi guheze.

Bwana Miguna yagirijwe kuba « yari muri ivyo birori hamwe n’uguhagararira ibirori vyo kurahira » bica bivamwo « uguhemuka », hamwe no « kuja mw’ikoraniro ritarekuwe n’amategeko » hamwe no « kuja mu bikogwa bizwi ko biteye kubiri n’amategeko ».

Yashikanywe imbere ya sentare y’intara ya Kajiado ku biro metero 80 mu bumanuko bwa Nairobi, aho vyari vyitezwe ko yitabira sentare.

« Nubundi leta irasubiye guhonyanga uburenganzira bwa Bwana Miguna mu kuba yatwawe muri sentare iri inyuma ya Nairobi, umuryango wiwe hamwe n’abamwunganira mu rubanza batagishijwe inama, » niko uwumwunganira mu rubanza Isaac Okero yavuze.

Bwana Miguna yagumijwe mu minwe y’inyamiramabi atawuzi irengero ryiwe, naho sentare ya Nairobi yari yamwemereye kwigomboza amadolari 500 ku munsi wa gatanu.

Kw’itariki 30 z’ukwezi kwa mbere, Bwana Miguna yaragize uruhare rukomeye mw’irahira rya Bwana Odinga ka prezida w’abanyagihugu, ku kibuga Uhuru Park c’i Nairobi.

Inyuma y’iminsi ibiri, itariki zibiri z’ukwezi kwa 2, yafatiwe muhira iwe n’abapolisi.

Hari n’abandi banyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi nabo nyene bapfunzwe.

Bwana Odinga n’abamushigikiye ntibemera ivyavuye mu matora ya mbere yo mu mwaka uheze, Prezida Uhuru Kenyatta akaba yatsinze mu ya kabiri Odinga atitavye, mu kwezi kw’icumi.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s