Tewocrasi irashoboka?: “ Muzomenya ukuri kandi ukuri kuzobaha umwidegemvyo”

“UZOMENYA UKURI KANDI UKURI KUZOGUHA UMWIDEGEMVYO “Yohani 8:32.

Turashimiye vy’umwihariko abadushimiye ku muco baronse n’abagize ico bavuze bose kuri étude-réflexion “ Théocratie irashoboka kw’isi!”

Twagomba guha umuco uwutatahuye canke uwuraho yandikanye agashavu maze akandika amajambo ataryohera ugutwi biboneka yuko atahura gahoro yuko umuntu wese afise uburenganzira bwo guserura ico yiyumvira atari vyiza abandi bakamuhubura, ari vyiza naho bakabisasira. Uwavyanditse yagize neza kugaragaza ibishobisho ( sentiments) afitiye Ijambo Théocratie, naho vyaciye bimunanira gusigura uko atahura ijambo Théocratie. Biraboneka yuko yihisha inyuma y’ubuvugishwa mugabo ntaheza ngo aserure nyabuvugishwa ico buvuga, aho bwavugiwe nico yishimikiza mw’Ijambo ry’Imana. Abantu benshi barazimirira mu buvugishwa, abandi nabo bakazimiza abandi mukwigira abahinga ba nyabuvugishwa kuko na satani arakorera cane abigira abavugishwa kugira ngo asambure ishengero ry’Imana. Ivyo tuzobigarukako mu vyigwa vyacu vyo hanyuma. Uvuga ukuri ntasarara kandi ntatsitara. Ahubwo ugendera mumwiza niwe arondogota agahava agatsitara kukuri. Burya ukuri ni kwiza mugabo kurababaza. Twahisemwo kugendera mukuri kw’Ijambo ry’Imana uko bizomera kwose, abakwitiranya n’ivyipfuzo vyabo canke na kameremere kabo bavuga ayo kwikanda no kwiremarema.

Mwene kwandikana agashavu yarangije amajambo menshi yiwe avuga ngo ni hahangame Uwo Imana yatoranije kuba Umwami. Yasozereye neza cane ashimangira iciyumviro cuwavuze yuko Théocratie ari ubwami bw’Imana. Iyo ubwo bwami buhawe umwana w’umuntu biba bihindutse. Ubutware bwose buva ku Mana niko bibiliya itubwira, ni ukuvuga yuko harinze haba uwundi muntu yimitwse atari Uhoraho, iyo ngoma ntiba ikibaye Théocratie, kuko Theo= Uhoraho, Cratie = Ubutware, gouvernement, canke ingoma. Mwijuru kubera ari mûri Théocratie haramutswa Imana ni nayo ivyagiye ku ngoma. Uyo muntu Imana yatoranije kwimikwa mu gihugu niwe azoba aramutswa ubwami. Théocratie? Oya ubwami bw’uwatoranijwe.

Uwandikanye agashavu tumusaba gushira umutima munda ntawuriko aramugwanya canke amusambura ahubwo yomenya yuko abana b’Imana baguma biga kandi bakanoganza ijambo ry’Imana mu rukundo n’ubugwaneza kugira ngo bagendere mu muco w’ukuri ry’Ijambo ryayo. Biraboneka rero yuko atatahuye ico yavuga kumbure atanatomokerwa neza kuko Imana kuva kera abo yatora gukoresha yarabaha ubwenge bwo mumashure n’ubwo imibano kugira ngo ntibahubagurike mugutunganiriza ubwoko bw’Imana. Uturorero ni twinshi muri Bibiliya:

1. Mose yarafise ubumenyi n’ubuhinga bwose bwo mwisi kuko Égypte niyo yatwara isi mu buhinga muri ico gihe. Muri Egiputa yize ubuhinga Docteur mubuvuzi araminuza, no kuba umusirikare mukuru yari (Général) imbere yuko Imana imujana kuragira imyaka mirongo 40 mubugaragwa imwiyigishiriza ibindi.

2. Intumwa Pauwulo yari yaraminuje mubumenyi, imbere yuko atangura ishure ry’Imana ryo gupfungwa, gukubaguhwa gutegwa amabuye n’ibindi. Niwe yahavuye yandi igice kinini c’isezerano rishasha ry’uzuyemwo guhishurirwa n’ubwenge bwinshi.

Rero umuntu wese yomenya yuko Imana itagendana n’ibipfu mugabo igendana n’abanyabwenge bafise ukwizera.

Turafise uturorero muri Afrika aho hari aba pasteurs bagiye ngo bagiye kwerekana ubushobozi bw’Imana:

1. Muri zambiya yagiye kuri fleuve muri 2017 (uruzi rurimwo ingoma) ngo agira yerekane ukwizera kwiwe. Yavuye mukato atambukira mu ruzi ingona yambere imicamwo kabiri , inzindi ntizakwiriwe imbere y’ishengero yararongoye.

2. Uwundi mukozi w’Imana muri Nigeria mbere no muri Congo yagiye ngo agiye gutambuka ku kiyaga nkuko Yesu yabigenje. Yavuye mubwato aca yibira aratwarwa imbere y’ishengero rikoranye.

3. Ayandi mashengero menshi kandi mu bihugu bitandukanye muri Afrika no muri Aziya bituririra mu masengero canke bakiha ubuki ngo bahagaze mu kwizera canke mu masezerano maze bagasha bagatokombera canke bakicwa n’uburozi( bavyita suicide collectif)

Umu kristo w’ukuri n’uburira abana b’Imana kugira ntibagwe mukutamenya, mu bujuju no mudutego twa satani n’ibikoresho vyiwe vyose. Imana ivugaga iti: “ Abantu banje bahonejwe no kutagira ubumenyi” Hoseya 4:6.

Aba Kristo si ibijumbu bishigwa mu kiyigira c’umuriro bakavyokora bihiye kandi si impene bashira kukiziriko bashorera bajana kumacuniro. Ni abana b’Imana nzima biga, bakajonjora kandi bagatahura.

Uvuze yuko ugomba kwimika Imana mugihugu, mugutwi vyumvikana neza cane, ariko uba uriko urarogota. Uba uvuze ubupfu. Wewe amazi asezeka ntibayore wokwimika Uhoraho Imana nkande?Ibumba rigomba kubumba umubumvyi?!! Abantu barakwiriye kumenya uburemere bw’amajambo bavuga.

Mwiyubare rero ntimugwe mututego twa bantu bavuga amajambo menshi ataho ashingiye. Atari muri bibiliya canke ngo agire urufatiro kw’Ijambo ry’Imana bakavuga ngo Imana yaravuze maze ubabajije uti yabivuze ryari canke yabivugiye hehe? Bagaca bahazuka, bagasemagura ijuru, bakakwifatira mugahanga canke bakarya umunwa. Bibiliya ivuga ngo ni nkamariba atagira amazi, nkibicu bikubebwa n’umuyaga…..”(2 Petero 2:17)

Imana yarasezeranye kuburundi bwacu ivyo n’abanyamahanga barabizi, Mugabo ntihagire uzokwosha ngo uhagaze mukwizera twara uruhindu n’imbugita, twara Bibiliya n’indirimbo ngo ugiye guhabuza igihugu c’Isezerano kuko uzoba ugiye kwisuka kurisongoye. Imana niyakubwira iti genda ndikumwe nawe uragenda kandi ntaco uzoba kuko izokuneshereza. Mugabo niwatwarwa nibishobisho ngo ugomba wereke abandi yuko uri umuhizi wizerara gusumba abandi uzoba w’iyahuye nkabo ba Pasteurs twavuze bamaze abo bari bajejwe gukingira nabo bakajana nabo. Imana yacu ntigwanigwa nka Dagoni, ahubwo niyo itugwanira nk’Uhoraho.

Umwami wacu Yesu Kristo abazigamishe ubuntu bwiwe.

* Ivyiyumviro vyari vyanditswe*

Théocratie canke Ubwami bw’Imana burashoboka mu bihugu vyacu kw’isi? Inyishu.

=====================

Abantu benshi baravuga Théocratie aribwo bwami bw’Imana mu bihugu vyo kw’isi mugabo usanga ari ubwangushi gusa kuko Théocratie ni intwaro, ubwami canke gouvernement y’Imana nkuko biri mwijuru.

Ubutegetsi bwa papa iroma, ubutegetsi bwa Leta ya Israel, ubutegetsi bwa al shabab, ubutegetsi bwa Bokoharam na Etat Islamique babwita ngo ni theocratie kubera bushingiye kuri religion canke idini ryitwa ngo ririko rirakurikiza amategeko y’Imana.

Abantu boza barahanuza Uhoraho Imana mu ngingo bofata zo gutegeka igihugu vyoba ari vyiza cane mugabo ntivyitwa théocratie kuko Théocratie ni ubutware bw’Imana uko buri mwijuru, ituma abamalayika gukora iki na kiriya ni ukuvuga yuko Imana ariyo itegeka directement. Iravuga bigakogwa, yategeka bikaba nk’Imana nyene. Iyo niyo Théocratie canke ubwami, canke intwaro y’Imana.

Igihe c’isezerano rya kera, nkuko biri muri Bibiliya Yera, abami barobanugwa n’Imana, nubu turizeye yuko Imana ari yaturobanuye, kandi nyabami kugira bafate ingingo babanza kuja guhanuza abavugishwa n’Imana, natwe tuzoza turabaza abavugishwa n’Imana, abavugishwa n’Imana nabo babanza kubaza Imana ico ivuze ivyo mbere bikaba no kubacamanza, ariko urabona uko ingoma z’abami mubisirayeli zagiye zirakuranwa gushika naho zizimangana. None twovuga yuko Théocratie yazimanhanye? Oya ubutware bw’Imana « Théocratie « ntibuzimana bwamaho ibihe bidashira ninaco catumye satani ananigwa agakorokerezwa kw’isi imyaka ibihumbin’ibihumbi ikaba irangiye. Abantu botandukanya rero Ubutware canke Ubwami bw’Imana Uhoraho ariyo Théocratie n’ubutware bwabantu bubaha canke basiguza Imana mugufata ingingo iyi canke iriya kugira bamenye ubugombe bw’Imana, kuko vyitwa ubwami bwo kugororoka. Ubu hariho uturorero twinshi , mbere no mugihugu cacu, aho abaganza bavuga yuko bubaha Imana mugabo uravye ingene ubutware bwabo bumeze ugatangara kubera ubwicanyi, ubusuma, akarenganyo n’ibindi usanga vyariganje. Ingendo nkizo zamye zibonekeza kera no kubami batoranijwe n’Imana hanyuma bakarongorana ituntu ubwoko bwayo. Abantu rero ntibokwitiranya kuba mumasezerano yo kurongora igihugu arikwo gutoranywa kurongora igihugu n’ubwami bw’Imana ariyo Théocratie.

Ufise ikibazo wobaza canke ico wongerako urahawe kaze kuri iyi nomero nyene. Ijambo Théocratie rero abantu barikoresha ukutariko nico gituma abaryikingiriza canke abavuga ngo bafise ubutware bw’Imana nkabo nadondaguye bose ari fake gusa kuko mbere si n’ubutware bwabubaha Imana ni nabayigwanya kuko Théocratie iri mwijuru gusa ntanahandi ishoboka kuko isi yandujwe n’ivyaha. Mpwemu w’Imana abahishurere gusumba ivyinyegeje mu butware bw’iyisi.

http://www.abisezerano.com