Umukuru w’inama nshingamateka asaba abashingamateka kwirinda imvugo zitabereye

Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA ahamagarira abashingamateka kwirinda gukoresha imvugo zitabereye, akabasaba kandi gushira imbere intwaro ibereye.

Mu gihe inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2018, umukuru w’inama nshingamateka yuguruye ibikorwa bisanzwe vy’inama nshingamateka vyo mu kwezi kwa Ruhuhuma,yamenyesheje ko mu kiringo c’ibikorwa bazokwiga integuro z’amategeko 12 barungikiwe na Reta.

Muri izo nteguro z’amategeko harimwo integuro y’itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru, integuro y’itegeko rigenga ingene imanza z’ivyaha zicibwa n’izindi, itegeko rigenga ibijanye no kworora n’izindi.

Pascal NYABENDA, Umukuru w’inama nshingamateka

Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal NYABENDA yavuze ko hari gishasha kizokwibonekeza mu nteguro y’amategeko azokwigwa, ico naco kikaba kijanye n’ishingwa ry’ibanki ya Afrika ijejwe guhanahana ibidandazwa .

Igikorwa co gutanguza ibikorwa carabaye kandi no mu nama nkenguzamateka, ku muhingamo wo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2018.

Ibikorwa vyuguruwe icese n’umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien NDIKURIYO, imbere y’abakenguzamateka, abashikiranganji bamwe bamwe, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi , n’abandi.

Mu gihe mu nama nshingamateka bazokwiga integuro z’amategeko 12, mu bikorwa vy’inama nkenguzamateka vy’ukwezi kwa Ruhuhuma 2018, abakenguzamateka bazokwiga integuro z’amategeko 13 barungikiwe na Reta.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s