Cankuzo : Umwigisha umwe yaritavye Imana abandi barakomereka mw’isanganya ry’imodoka

Umwigisha umwe yaritavye Imana, abandi bigisha 12 , hamwe n’abanyeshuri 30 bo kw’ishuri ryisumbuye rya Murore, intara ya Cankuzo barakomereka, mw’isanganya ry’imodoka y’ishure ryisumbuye rya Murore, ryabaye inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2018.

Uwo mwigisha yitavye Imana azwi kw’izina rya Pontien NTAKARUTIMANA, akaba yari asanzwe y’igisha kw’ishure ryisumbuye rya Murore, Lycee Murore, riri muri komine Gisagara, intara ya Cankuzo.

Nk’uko amakuru dukesha umwe mu bigisha bakora kw’ishure ryisumbuye rya Murore mu ntara ya Cankuzo, amenyesha ko iryo sanganya ryabaye nk’igihe c’isaha zitandatu n’igice, ku mutumba Nyuro, wa komine Gisagara, intara ya Cankuzo.

Abakorana n’uwo migisha yitavye Imana bavuga ko , icatumye haba iryo sanganya ar’uko imodoka yacitse amafire ica iseka inkombe yibarabara hanyuma iratemba,mu gihe yari ivanye abigisha n’abanyeshure mu birori vyo kwibuka imyaka 27 iheze hashizweko umukono ku masezerano y’Ubumwe bw’abarundi.

Pontien NTAKARUTIMANA,umwigisha yari kumwe n’abandi hamwe n’abanyeshuri yaciye yitaba Imana ubwo nyene, mu gihe abandi harimwo n’abanyeshuri bakomeretse harimwo n’ababaye cane.

Abakomeretse ubu bakaba bariko bavurirwa ku bitaro bikuru vy’intara ya Cankuzo abandi nabo ku bitaro vya Murore.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s