Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Ihanga ry’Abarundi

Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Uburundi n’indemesho ku barundi bose.

Turabaramukije amahoro y’Imana. Shalom! Turabatumiriye amasengesho ya Mercredi (07/02) na Samedi (10/02) nkuko Imana ya bidutegetse.

I. URUFATIRO: “ Abarundi kuva na kera na rindi bamwe mumarira n’amaganya ategwa n’ubwicanyi bushingiye ku bwoko, intara, imiryango n’amaronko. Impunzi zarashwiragiye isi yose n’igihugu cuzuye ibinogo rusangi kuva mu myaka ya 1965, 1972, 1988, 1993,…gushika uyu munsi. Imana Uhoraho yagize iti ndiyiziye kubatabara, igihugu canyu ndagihindure ico amata n’ubuki.”

II. INYIGISHO: “ Ico ukwiriye gukora iyo ubuzima buguhindutse, ibintu bitifashe neza.” (1petero 3:13-17)

1. Kwama ushimira Imana no mubihe bigoye (Yakobo 1:2 na 12; Matayo 5:10-12)

2. Kwirukira ku Mana kandi ukamenyesha ingorane yawe yuko Imana ifise inkomezi gusumba ikibi (2Timoteyo1:7, 1Petero5:8-9)

3. Gushimangira ubwami bwa Yesu Kristo ( Ivyakozwe n’intumwa 7:55-60)

4. Kumenya yuko ari umwanya mwiza wo kuba icabona ca Kristo (Imigani 15:1, Zaburi 119:41, 46)

5. Kugumana umutimabwenge ukeye kandi utunganye (1 Abitesaloniki 5:18)

III. ZIRIKANA:

– Imana ntiyakwibagiye, aho nyene mumagogwa niho igukomereza ( 1 Petero 2:24)

– Imana iragukunda kandi irakwizigiye, nico gituma ireka ugaca mubigeragezo mugabo igiye kugutabara (Abifilipi :1:6)

IV. IVYO MPWEMU YERA YAHISHUYE:

1. Abantu benshi mugihugu no hanze barasenga Imana kandi mu minsi itandukanye mugabo benshi ntibemera uburongozi bwa Mpwemu Yera, basenga muri kameremere kabo.

2. Abasenga aho muri hose musengera igihugu, murengere ivyiyumviro vy’imigwi yanyu musenge mugira muti: “Uhoraho ubugombe bwawe ni bube kugihugu cacu”.

V. IMITWARO Y’AMASENGESHO:

– Gusengera indongozi z’ihanga ry’Imana, abadiyakoni, abaririmvyi, abavugishwa n’ihanga ry’abarundi ryose.

– Gusengera abagwaye, abashonje, abapfunzwe, abahunze n’abari mumutekano muke.

– Gusenga ngo Imana itabare igihugu cacu , ishitse isezerano ry’intahava yasezeraniye igihugu cacu c’Uburundi.

Tubaye turashimira abarundi n’abanyamahanga bose basengera igihugu cacu ngo Imana Ihoraho ishitse isezerano.

Ni dusangwe Imana, Uburundi n’Isezerano.

Bujumbura kuwa 06/02/2018

http://www.abisezerano.com

Publicités

Un commentaire sur “Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Ihanga ry’Abarundi

Les commentaires sont fermés.