Kirundo : Umuhungu yishe umwana wiwe amuhaye umuti wica imbeba

Abahungu babiri bari mu minwe y’inyamiramabi muri komine Bugabira, intara ya Kirundo, bagirizwa gufashanya mu kwica umwana w’umwe muri bo, kugira yereke umukobwa bashaka kwubakana ko akiri umusore.

Abo bahungu babiri ni MANIRAKIZA Ezechiel se w’umwana yahawe umuti wica imbeba, hamwe n’umuhungu azwi kw’izina rya HARIMENSHI yagirizwa kwosha MANIRAKIZA Ezechiel, ngo yice umwana wiwe azwi kw’izina rya Jean Marie NDAYIRAGIJE w’umwaka umwe n’amezi atandatu.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano,MANIRAKIZA Ezechiel yafashwe kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Ruhuhuma, afatirwa ku mutumba Rugasa, wa komine Bugabira, intara ya Kirundo.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko uko ari babiri bapfungiwe mu gasho k’inyamiramabi, bakaba bariko barumvirizwa.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s