Abashingamateka babiri b’abarundi batowe kuja mu biro vya EALA

Abashingamateka babiri muri icenda baserukira Uburundi mu nama Nshingamateka y’Akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA batorewe kuja mu bagize ibiro ndongozi vy’iyo nama nshingamateka.

Umushingamateka Christophe NDUWAYO yatowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, na Leontine NZEYIMANA yatowe mu mugambwe CNDD FDD akaba kandi yahoze ari umushikiranganji w’Uburundi ajejwe akarere ka Afrika y’Ubuseruko, nibo batowe ngo babe mu biro vy’inama nshingamateka EALA.

Umushingamateka Christophe NDUWAYO yatowe ku majwi 43 kuri 47, mu gihe Leontine NZEYIMANA yatowe ku majwi 39 kuri 47.

Ibikorwa vy’inama nshingamateka y ‘Akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA biriko bibera i Kampala ku murwa mukuru w’Ubuganda.

Publicités