Bubanza : Igisongerezi mu giporisi ari mu minwe y’igiporisi yagirizwa gushaka kwica umugore

Igisongerezi mu giporisi c’Uburundi ari mu minwe y’igiporisi, muri komisariya ya Bubanza, yagirizwa gushaka kwica umugore wiwe amutemesheje umupanga.

Amakuru ava ku mutumba Gahwazi, wa komine Mpanda aho uwo muporisi asanzwe aba, amenyesha ko Athanase NKUNZIMANA yari yaje mu karuhuko, yahagaritswe mu gatondo ko kuwa gatanu igenekerezo rya 9 Ruhuhuma, inyuma yo kugerageza kwica umugore wiwe mw’ijoro ryo kuwa kane.

Amakuru ava mu begereye uwo muryango kur’uwo mutumba, amenyesha ko Athanase NKUNZIMANA yoba yagiriza umugore wiwe gutaha ijoro, akamwagiriza kandi ko yoba arenga ibigo.

Mu bajejwe intwaro bavuga ko muri uwo muryango umubano utari usanzwe umeze neza, ariko ababanyi hamwe n’abegereye uwo muryango bakabibeshuza.

Publicités