Burundi: Imyiyerekano yo kwiyamiriza icegeranyo ca Onu

Abanyagihugu isinzi bo mu gisagara ca Bujumbura bazindukiye kuri uno wa gatandatu mu myiyerekano yo kwiyamiriza icegeranyo cerekeye Uburundi giherutse gushirwa ahabona n’umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guteress.

Muri ico cegeranyo, umunyamabanga wa Onu avuga ko nubu icuka atari ciza hagati ya Leta y’u Burundi n’abatavuga rumwe nayo. Ku bwiwe rero ngo iyo mirwi ntihuza namba ku mugambi wa Leta wo guhindura ibwirizwa nshingiro ngo kuberako itabagishije inama. Umunyamabanga wa Onu avuga kandi ko ababajwe nuko muri iyo nteguro nshasha y’ibwirizwa nshingiro, bategekanya ko ikibazo kijanye n’ibitigiri vy’amoko muri Leta bishobora kuzohindurwa inyuma y’imyaka itanu. Akabona ko ubutegetsi bufise umugambi wo gusambura amasezerano ya Arusha.

Ico cegeranyo rero gisa n’icashavuje indongozi z’igisagara ca Bujumbura. Nico catumye izo ndongozi zihamagarira abanyagisagara kuja mu mabarabara kugira baciyamirize.

Uwaserukiye umukuru w’igisagara ca Bujumbura, yasavye reta kutemera ico cegeranyo kandi ikagira ico ishikirije vuba na bwango.

Ku bw’ico cegeranyo, bitegekanijwe ko umunyamabanga wa ONU azogishikiriza akanama ka Onu kajejwe umutekano kugira gafate ingingo zibereye mu mpera z’ukwezi kwa 5.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s