Umukobwa yahora yiga kuri Lycee Rutovu mu ntara ya Bururi, yaricumise mu nda akoresheje imbugita kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2018. Amakuru ava kuri Lycee Rutovu, amenyesha ko yicumise inyuma yo gushaka gucumita mugenzi we bapfa umuhungu.
Amakuru ava kuri Lycee Rutovu, amenyesha ko vyose vyatanguye ku munsi w’Imana igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2018, igihe bari bavuye mu misa, aho Diane NIYUBAHWE asanzwe yiga mu mwaka wa 12 yagerageza gucumita mugenziwe babana mu cumba amuhora ko yoba akundana n’umuhungu nawe akunda.
Ayo makuru amaze kumenyekana mu bayobozi b’ishuri rya Lycee Rutovu, baciye bakorana, baca bafata ingingo yo kwirukana burundu uwo munyeshuri Diane NIYUBAHWE, aca afata ingingo yo kwicumita akoresheje imbugita.
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko ubu ariko avurirwa muri bimwe mu bitaro vyo mu gisagara ca Bujumbura.