ANC irigina imyaka 100 irangiye Nelson Mandela avutse

Umugambwe uri ku butegetsi « African National Congress » (ANC) muri Afrika Yepfo, uno munsi waramutse wigina imyaka 100 irangiye umuperezida wa mbere w’umwirabure Nelson Mandela avutse.

Umukuru w’umugambwe, Cyril Ramaphosa, yasavye ashimitse abanya Afrika Yepfo kwibuka no gushira imbere ivyo Bwana Mandela yagendera akongera agahagararako.

Bwana Ramaphosa yasavye ko ingeso y’ibiturire yorangira, avuga ko abanyuruza amatungo y’igihugu bazoshikirizwa ubutungane.

Umukuru w’igihugu w’ubu, Jacob Zuma, aregwa ivyaha bishingiye ku biturire, amaze igihe yanka kwitaba akamo kamusaba gutanga imihoho.

Umugambwe ANC watangaje ko inama y’abagize umugwi nyobozi ufise ububasha bwo kumuhagarika mu mabanga, izokarana ku munsi wa mbere.

Bwana Mandela atihanganira ibiturire, yatanguye kumenya umugambwe ANC akiri muto, imbere yuko awurongora kuva mu 1991 gushika mu 1997.

Nelson Mandela yabaye umukuru w’igihugu ca Afrika Yepfo kuva mu mwaka w’i 1994 n’i 1999, uburongozi bwiwe bwari bushimikiye ku kurandurana n’imizi intwaro ishingiye kw’ivangura rituruka ku rukoba bita « apartheid » hamwe n’ugusubira kunywanisha abenegihugu.

Nelson Mandela yarafashije kugarukana amahoro mu Burundi

Aho aviriye ku butegetsi kubera ko amagara atanguye kumukika, akaja mu karuhuko k’iza bukuru, yarafashije mu biganiro vy’amahoro mu gihugu c’u Burundi.

Igipolisi c’u Burundi igihe c’imyiyerekano igwanya ikiringo ca gatatu ca Prezida Pierre Nkurunziza mu 2015

Yagenywe muri ayo mabanga mu mpera z’umwaka w’i 1999, asubirira uwayahoramwo yigeze gutwara igihugu ca Tanzaniya, Julius Nyerere, yaheruka kwitaba Imana mu kwezikw’icumi kw’uwo mwaka.

Bwana Mandela yarahuje imigwi ishamiranye y’abarundi n’iyindi migambwe mu biganiro, vyashitse ku masezerano y’amahoro yapfunditswe kw’itariki 28 Ukwezi kwa kw’umunani mu 2000 mu gisagara ca Arusha muri Tanzaniya.

Kuva ico gihe abarundi bo mu moko atandukanye bemeranya kuza baragabangana ubutegetsi no kuvanga inteko z’umutekano n’iz’igisirikare mu moko yose.

Muri kino gihe abanyepolitike b’abarundi ntibategera kumwe ingingo zigize amasezerano ayo masezerano, Nelson Mandela yafashije kugerako.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s