Umukuru w’igihugu yiyandikishije kugira azokwitabe amatora

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yitavye igikorwa co kwiyandikisha kugira azokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, hamwe n’ayo muri 2020. Umukuru w’igihugu yiyandikishirije ku mutumba asanzwe avukako.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yiyandikishirije kw’ishure nshingiro rya Buye,riri muri komine Mwumba, intara ya Ngozi.

Mw’ijambo yashikirije ahejeje kwiyandikisha, umukuru w’igihugu yasavye abarundi bose bakwije imyaka yo gutora kwiyandikisha , kuko arivyo kizotuma baronka uburenganzira bwo gutora.

Igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora catanguye kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018, kikazohera kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018.

Publicités