UMUTUMIRO W’AMASENGESHO
Y’IHANGA RY’IMANA RY’ABISEZERANO YO KUWA 14/02 NA 17/02/ 2018
Nkuko Uhoraho Imana yadutegetse, ku misi ya gatatu na gatandatu(Mercredi &Samedi) twama dufise amasengesho yo gusengera uburundi n’abarundi.
I. URUFATIRO:
« Bera amaso isezerano ryawe wahawe n’Imana kuko uwariguhaye araje kurigwanira. Hariho ivyishushanya n’Isezerano ngo bikunde bikujuragize, biguteshe intumbero mbere ngo wihebure yuko Imana itavuze »
Daniel11:29-32( tugashimikira kumurongo wa 32)
IMANA IGIYE KWIHORA ABAGWANYA ISEZERANO WAHAWE; (Yesaya 34:8 ;1samuel 15:2 ; ezechiel 30:20)
II. IVYO MPWEMU AHISHURA:
1.Abantu benshi bari mugahinda bihebuye kuguteba kw’amasezerano (Abacamanza 6:11-13)
2. Abantu bafise ubwoba (1 abami 19:1-5)
III. ICO USABWA KUGITI CAWE:
● Rema uremeshe n’abandi kuko ubugaragwa bugiye kurangira (1abami 19:6-8; 2Ngoma 20:15)
IV.IMITWARO:
-Gusengera abarongoye ihanga; abasenzi; ibicaniro; abaririmvyi; abashonje(kubashikako); abapfunzwe(kubaraba); abagwaye (kubasuhuza); n’iyindi mitwaro yaho muherereye.
Tubaye turabashimira kukigoro ko kwitabira aya masengesho nokuyatumirira abandi.Nidusangwe IMANA -UBURUNDI N’ISEZERANO.
Bigiriwe I Bujumbura le 13/02/ 2018