Umutumiro w’amasengesho yo gusengera igihugu c’Uburundi n’abarundi

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO

Y’IHANGA RY’IMANA RY’ABISEZERANO YO KUWA 14/02 NA 17/02/ 2018

Nkuko Uhoraho Imana yadutegetse, ku misi ya gatatu na gatandatu(Mercredi &Samedi) twama dufise amasengesho yo gusengera uburundi n’abarundi.

I. URUFATIRO:

« Bera amaso isezerano ryawe wahawe n’Imana kuko uwariguhaye araje kurigwanira. Hariho ivyishushanya n’Isezerano ngo bikunde bikujuragize, biguteshe intumbero mbere ngo wihebure yuko Imana itavuze »

Daniel11:29-32( tugashimikira kumurongo wa 32)

IMANA IGIYE KWIHORA ABAGWANYA ISEZERANO WAHAWE; (Yesaya 34:8 ;1samuel 15:2 ; ezechiel 30:20)

II. IVYO MPWEMU AHISHURA:

1.Abantu benshi bari mugahinda bihebuye kuguteba kw’amasezerano (Abacamanza 6:11-13)

2. Abantu bafise ubwoba (1 abami 19:1-5)

III. ICO USABWA KUGITI CAWE:

● Rema uremeshe n’abandi kuko ubugaragwa bugiye kurangira (1abami 19:6-8; 2Ngoma 20:15)

IV.IMITWARO:

-Gusengera abarongoye ihanga; abasenzi; ibicaniro; abaririmvyi; abashonje(kubashikako); abapfunzwe(kubaraba); abagwaye (kubasuhuza); n’iyindi mitwaro yaho muherereye.

Tubaye turabashimira kukigoro ko kwitabira aya masengesho nokuyatumirira abandi.Nidusangwe IMANA -UBURUNDI N’ISEZERANO.

Bigiriwe I Bujumbura le 13/02/ 2018

http://www.abisezerano.com

Publicités