Mu Burundi hari ikibazo c’impunzi zanse kuja mu nkambi

Abajejwe intwaro mu ntara ya Rumonge iri mu bumanuko bw’u Burundi bavuga ko nyinshi mu mpunzi ziheruka kuva muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, zanse kwiyandikisha.

Buramatari Juvenal Bigirimana avuga ko ku mpunzi zoba zishika ibihumbi bitatu, ngo izishika mirongo itatu gusa nizo zimaze kwiyandikisha.

Ngo izo mpunzi zivuga ko zitinya kwiyandikisha kuko zohava zirungikwa mu nkambi ziri hagati mu gihugu, kure y’urubibe n’igihugu cazo.

Buramatari Bigirimana yagize ati: « Twabasavye kwiyandikisha baranka, tubasaba kurondera ivyangombwa ngo babeho nk’abanyamahanga baranka ».

Gukoresha amategeko

Yabandanije avuga ko mu gihe izo mpunzi zitohitamwo ico zigomba gukorerwa, hazokurikizwa amategeko y’igihugu, bikanashoboka ko zohanwa.

Impunzi zishobora kuba zishika ku bihumbi cumi zahunze umutekano muke mu buseruko bwa Kongo, zihungira mu bumanuko bw’u Burundi.

Izindi mpunzi zahungiye mu bihugu vya Uganda na Tanzania kandi ikibazo c’umutekano muri Kongo gisa n’ikitariko kiratorerwa umuti.