Afrika y’Epfo:Cyril RAMAPHOSA yatowe kuba umukuru w’igihugu

Inyuma yaho Jacob ZUMA atangiye imihoho,inama nshingamateka y’igihugu ca Afirika y’Epfo yatoye Cyril RAMAPHOSA mu kibanza c’umukuru w’igihugu kur’uno wa kane igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2018.

Nk’uko amakuru dukesha imboneshakure France 24abimenyesha,umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro Mogoeng Mogoeng yamenyesheje ko Cyril RAMAPHOSA umukuru w’umugambwe ANC atowe kuba umukuru w’igihugu ca Afirika y’epfo .

Cyril RAMAPHOSA yamenyesheje ko mu bikorwa vyihutirwa bagiye gutorera inyishu aribijanye n’igiturire,kugarukira amahinguriro ya Reta .

Cyril RAMAPHOSA ari imbere y’abashingamateka yavuze ko azorangura akazi kiwe n’ubwira kandi yijeje ko atazohemukira abanyagihugu.

Abatavugarumwe na Reta nabo nyene bashimye itanga ry’imihoho ry’umukuru w’igihugu Jacob ZUMA.

Umwe mu batavugarumwe n’umugambwe ANC,Julius MALEMA yamenyesheje ko banezerejwe no kubona Jacob ZUMA avuye ku butegetsi ariko bagiye gukwirikiranira hafi abarongozi bashasha.

Julius MALEMA yavuze ati : »Zuma aragiye ubu tugiye gukwirikiranira hafi abamusubiriye.”

Julius MALEMA yavuze ko ata ngorane bafitaniye na Jacob ZUMA ariko ingorane bazifitaniye n’umugambwe ANC.

Bitegekanijwe ko Cyril RAMAPHOSA azoshikiriza ijambo imbere y’abashingamateka hamwe n’igihugu muri rusangi ejo ku musi wa gatanu mu masaha yo ku mugoroba.

Publicités