Abashingamateka bo mu nama nshingamateka yo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko EALA, bari mu rugendo mu Burundi kuva kuwa gatandatu igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018, mu ntumbero yo kuraba aho ibijanye n’iyinjira mu karere mu bijanye n’ubudandaji bigeze.
Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru inyuma y’urugendo bagize mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, uwaje arongoye abo bashingamateka Wanyiku Muhiya, yavuze ko urwo rugendo barugize mu ntumbero yo kurabira hamwe ibijanye n’isoko rusangi.
Wanyiku Muhiya yavuze ko urwo rugendo baruhereye mu gihugu ca Tanzaniya, bakaba bagenda baraca ahakorerwa ibikorwa vy’ubudandaji nk’ahari iminzane ipima ibidandazwa vyose biva mu gihugu kimwe bija mu kindi co mu karere ka Afrika y’Ubuseruko EAC.
Muri ico kiganiro, uwo yaje arongoye abo bashingamateka yavuze ko abashingamateka b’’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika EALA bashaka ko abarundi bamenya ivyo bariko barakora, bamenye kandi akamaro bashobora gukura mw’iyinjira mu karere ka Afrika y’Ubuseruko EAC.
Abo bashingamateka b’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko bakaba bemeye ko bagiye kuba abaserukizi b’Uburundi.