Kenya:Abaporisi batanu bishwe n’abarwanyi ba Al-Shabab

Abapolisi batanu bishwe abandi batatu barakomereka mu gitero vyikekwa ko cakozwe n’abarwanyi b’umuhari Al Shabaab, mu ntara ya Mandera mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Kenya.

Amakuru dukesha urubuga ngurukanabumenyi rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko, ubutegetsi buvuga ko ico gitero cakozwe mw’ijoro ryo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 1 Ruhuhuma, mw’ijoro,kw’ikambi zibiri z’igipolisi ziri muri ako karere.

Ayo makuru ya BBC, amenyesha ko icegera c’uwurongoye intara, Eric Oronyi, yavuze ko abateye bashika 70 bari bitwaje inkoho, baca batangura gusambura igikoresho gifasha mu guhanahana amakuru, mu nyuma batera ayo makambi.

Eric Oronyi,icegera c’uwurongoye intara ya Mandera, yavuze ko uburaro bwinshi bwo muri izo kambi z’igiporisi bwaturiwe.

Umuhari Al Shabaab uramaze kwemanga urupfu rw’abantu mirongo, biciwe mu ntara ya Mandera mu mwaka uheze wa 2017.