Abasirikare batatu b’Uburundi bitavye Imana, indwi barakomereka, abandi bane ntawuramenya irengero ryabo, aho ni mu gitero cabaye kuri uwu wa gatanu ku miduga yari yunguruje abo basirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya.
Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko iyo miduga yari yanguruje abasirikare b’Abarundi bagera kuri 49 yategerewe nk’igihe c’isaha zine n’iminota mirongo itatu igeze ku birometero 50 ivuye mu gisagara ca Mogadisco, mu gihugu ca Somaliya. Yari igeze aho bita Jowhar.

Nk’uko bivugwa na Colonel Gaspard BARATUZA, abo basirikare bari bashiriye imfungurwa bagenzi babo, bakaba bategerewe n’abarwanyi ba Al Shabaab bateze iyo miduga igisasu co mu bwoko bwa « Mine », bongera babatera ikindi gisasu co mu bwoko bwa « Roquette ». Abo basirikare b’Uburundi bari batewe baciye barasana n’abo barwanyi.
Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko abasirikare batatu b’Uburundi bitavye Imana muri ico gitero, abagera ku ndwi barakomereka, abandi bane baburirwa irengero.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, mu butumwa yacishije ku muhora wa « Twitter » yahojeje imiryango y’ababuze, amenyesha ivyabaye bitazoca intege igihugu c’Uburundi ciyemeje kurwanya iterabwoba.