Umugwi wa Onu ufasha gukomeza umutekano muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo (RD Congo), wavuze ko ugiye gukomeza umutekano w’abasirikare bawo inyuma y’ivyo watoye mw’itohoza ku basirikare 15 ba Tanzaniya bishwe.
Umugwi wakoze itohoza uvuga ko ibibazo bijanye n’uburongozi hamwe no kudategura ingene abasirikare bimugwa iyo batewe, bikwiye kwicarigwa.
Onu yakomeje uburyo bw’itumanako n’umutekano ku birindiro bimwe bimwe vyayo.
Umugwi w’inyeshamba ukorera ku butaka bwa Congo ariko ufise amamuko yo mu Buganda, ADF, niwo wagirizwa ico gitero cabaye mu ntara ya Kivu yo mu buraruko.