Umuhungu mukuru w’umukuru w’igihugu yatanze imfashanyo ku bakenyezi b’i Ngozi

Abakenyezi bahindutse, bahora badandaza umubiri, bo mu ntara ya Ngozi, nibo baronkejwe imfashanyo kuri uwu wa gatatu na Kelly RUREMESHA, Umuhungu mukuru w’umukuru w’igihugu c’uburundi Petero NKURUNZIZA.

Iyo mfashanyo yayitanze ari kumwe na Miss Burundi 2017 hamwe n’uwutegura amahiganwa ya Miss Burundi, afadikanije n’ishirahamwe « Abahindurangendo ».

Kelly RUREMESHA ariko atanga iyo mfashanyo

Iyo mfashanyo yari igizwe ’umuceri hamwe n’isukari, hamwe n’ibitenge.

Uwo mugwi uri kumwe na Kelly RUREMESHA, waragendeye kandi abarwayi barwariye kw’ivuriro ry’i Buye riri mu Ntara ya Ngozi, ahasanzwe havuka umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Ivyo bikorwa vy’ubugiraneza vyakozwe mu ntumbero yo guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakenyezi kw’isi wahimbajwe mu gihugu c’Uburundi kuri uwu wa kane igenekerezo rya 8 Ntwarante 2018. Ibirori nyezina vy’ihimbazwa ry’uwo munsi mpuzamakungu biriko bibera mu ntara ya Kayanza.

Publicités