’’Abakobwa barenga imiriyoni 15 kw’isi ntibaronse akaryo ko kuja kw’ishuri’’-UE

Ishiramwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko rirajwe ishinga no kunganisha ibitsina hagati y’abagore n’abagabo, abakobwa baba abimukira, kutajanwa mw’ishuri kandi bakwije imyaka yo kujayo, hamwe n’ikumirwa rigirirwa abakenyezi rfatiye ku kudakora ivyo bashoboye.

Mw’itangazo ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryasohoye kuwa kabiri igenekerezo rya 6 Ntwarante 2018, mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakenyezi kw’isi, Ishiramwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko abakobwa barenga imiriyoni 15 kw’isi yose aribo bataronse amahirwe yo kujanwa mu mashure y’intango.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko, ryemeye guteza imbere indero kavukire mu bihugu vya Afrika, mu bihugu vya Amerika y’Epfo hamwe no mu bihugu vyo muri Aziya y’ubumanuko ishira ubuseruko.

Muri iryo tangazo nyene, Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, risigura ko nk’ishirahamwe rirajwe ishinga n’ihohoterwa rifaye ku bitsina, iryo hohoterwa ryoshirwa mu bikorwa bibi bikorerwa ikiremwa muntu.

Iryo shirahamwe rimenyesha ko guha agaciro abakenyezi n’abakobwa bitanga agaciro mu kibano ,bigatanga uburenganzira bungana hagati y’abagabo n’abakenyezi.

Publicités