Cibitoke : Umusirikare w’ipete ya capitaine yitavye Imana akubiswe n’inkuba

Umusirikare wo mu rwego rw’intwazangabo yaritavye Imana akubiswe n’inkuba, kur’uyu wa kane igenekerezo rya 8 Ntwarante 2018, ku mutumba Bisiga, wo muri zone Bumba, komine Bukinanyana, intara ya Cibitoke.

Uwo musirikare yitavye Imana azwi kw’izina rya NGOMIRAKIZA Jean claude, w’ipete rya Capitaine, akaba yari arongoye umurwi w’abasirikare bo mw’ikambi ya 511.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko, uwo musirikare yakubiswe n’inkuba nk’igihe c’isaha icumi z’umugoroba wo kur’uyu wa kane, aca yitaba Imana ubwo nyene.

Amakuru ava muri komine Mugina amenyesha ko hari n’ibindi bitaramenyekana igitigiri vyononkaye, kubera imvura yaguye ku mugoroba wo kur’uyu wa kane.

Publicités