Kenya: Prezida Kenyatta na Raila Odinga biyemeje kunywanisha abakenya

Prezida Uhuru Kenyatta wa Kenya yagiranye umubonano na kizigenza w’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, Raila Odinga mu biro vy’umukuru w’igihugu i Nairobi.

Abo banyepolitike bemeranije gutanguza umugambi wo kuraba ingene bokorana mu minsi iri mbere.

Bumvikanye ko bagiye kuraba ingene bogarura abanyagihugu bakaja hamwe, Raila avuga ko igihe co gutorera inyishu ubudasa buri hagati yabo cageze.

Ambassadeur Martin Kimani niwe azohagararira uwo mugambi ku ruhande rwa Prezida Kenyatta, mu gihe umuhanuzi wa Bwana Odinga, Paul Mwangi azohagararira Bwana Odinga, ivyo bikavugwa mw’itangazo ryasohowe inyuma y’uwo mubonano.

Uwo mubonano ubaye hasigaye umwanya muto ngo umushikiranganji wa Amerika mu vy’imigenderanire Rex Tillerson ashike mu gihugu.

Bwana Tillerson yitezwe muri Kenya uno munsi

Igihugu ca Amerika camye gisaba ko hatunganywa ibiganiro vyotuma uruhagarara rwa politike rwadutse inyuma y’amatora yo mu mwaka uheze ko rworangira.

Bwana Kenyatta yavuze ko bemeranije na Bwana Odinga ko igihugu ca Kenya gihambaye kurusha inyungu z’umuntu umwe, ko bikwiye ko izo ndongozi zumvikana.

« Twumvikanye gushira hamwe abanyagihugu no kuvugana ingorane zugarije igihugu cacu, tukubaka igihugu gifise ubumwe kugira ntihabe umunyagihugu yumva ko akumiwe. »

« Ino ni intango nshasha ku gihugu cacu. »

« Turashobora kutabona ibintu kumwe, ariko tukaguma turi kumwe nk’abakenya. »

Publicités