Petero NKURUNZIZA yagizwe « Imboneza yamaho » mu mugambwe CNDD FDD

Abagize komite nkuru y’umugambwe CNDD FDD bafashe ingingo yemeza ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ari « Imboneza yamaho » y’uwo mugambwe. Mu nama bagize ku magenekerezo ya 9 na 10 Ntwarante 2018 mu ntara ya Ngozi, abagize komite nkuru y’uwo mugambwe bamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe hihwejwe intambwe ishimishije umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ashikanyeko Uburundi n’Abarundi.

Muri iyo nama, Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD yamenyesheje ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ariwe mfura y’uwo mugambwe.

« Mu mugambwe CNDD FDD nta n’umwe ashobora kumwigereranya. Niwe mfura yacu, niwe muvyeyi, niwe aduhanura. Nico gituma nsaba Abagumyabanga bose ko iyo ngingo boyubahriza, kuko urugo rutagira umugabo ntakitarukengera. Twebwe turafise imfura. »

Abo bagize Komite Nkuru y’Umugambwe CNDD-FDD bemeje kandi izindi ngingo bavuga ko zikomeye, kandi zibereye zizotuma bashika kw’ihangiro ryo guteza imbere Uburundi.

Izo nazo zijanye no gukomeza inama nshingiro, gukurikirana ibikorwa n’inyifato vy’abagumyabanga n’indongozi, gushira mu ngiro imigabo n’imigambi vy’Umugambwe CNDD-FDD, gushigikira Intwaro ibereye no kwegereza ubutegetsi abenegihugu, gushira mu ngiro akarangamutima k’umugambwe mu guteza imbere igihugu hisunzwe ingingo ngenderwako Iterambere rikomoka ku mwenegihugu rikongera rikamugarukako, gutsimbataza no kunagura imigambi iteza imbere abenegihugu mu bisata binyuranye vy’iterambere ry’Igihugu.