Gitega : Umwigisha yagirizwa gushaka kugandagura umunyeshure wiwe yateye inda

Umwigeme w’imyaka 24 yahora yiga mu mwaka w’icenda kw’ishure ryisumbuye « La perseverence riri i Mweya mu ntara ya Gitega yakubiswe bikomeye n’umwigisha wiwe bivugwa ko yari yamuteye inda.

Amakuru atangwa n’igiporisi avuga ko ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu, uwo mwigisha yajanye uwo mwigeme i Gishubi, amubwira ko agiye kumunyengeza iwabo kubera yamuteye inda asanzwe ari umwigisha wiwe.

Nk’uko ayo makuru abandanya abivuga, bashitse ku ruzi Ruvyironza, uwo mwigisha yaciye amukubita icuma, amuta mu ruzi, akaba yari azi ko yapfuye.

Abanyagihugu nibo bamurovye, bac abamujana ku bitaro mu Ntita, mu nyuma akaba yaciye atwarwa ku bitaro bikuru vy’intara ya Gitega, kuko yari yasinzikaye.

Amakuru ava mu ntara ya Gitega avuga ko uwo mugabo yagirizwa ubwo bugizi bwa nabi yoba yafashwe.

Publicités