Isekeza SOS-Torture rimenyesha ko abantu 14 aribo bahagaritswe, mu kiringo co kuva kw’igenekerezo rya 3 gushika kurya 10 Ntwarante 2018.
Nk’uko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture, muri abo bantu 14 bahagaritswe, 13 ni abigisha bo ku mutumba Murambi, komine Gatara, intara ya Kayanza kw’igenekerezo rya 2 Ntwarante 2018, bagirizwa gukubita umuyobozi w’ishuri.
Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture riragaruka kw’ikurwa mu cicaro A c’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH ugashirwa mu cicaro B, aho isekeza SOS-Torture rimenyesha ko bishobora kugira ingaruka ku bijanye n’ibikorwa vy’uwo murwi, naho umukuru wawo yavuze ko ata ngaruka bizogira.
Isekeza SOS-Torture rimenyesha kandi ko ku mutumba Rusiga, komine Rugombo, intara ya Cibitoke, umuntu umwe yishwe, vyikekwa ko ari umusuma yagomba kwiba ibitungwa, naho nyene ata n’umwe yahagaritswe yagirizwa ubwo bwicanyi.