🌈UBUTUMWA BWIZA BWO GUHUMURIZA ABANTU🌈®️
YESAYA 40:1_5_6_7_8_10_11.
1/Ni muhumurize abantu banje,ni mubahumurize,ni kW IMANA yanyu igize.
5/Maz’ubwiza bw’UHORAHO buzohishurwa, kand’abafise umubiri Bose bazobubonera rimwe,kukw akanwa K’UHORAHO Ariko kabivuze.
6/Ijwi ry’uvuga,ati semerera,uwundi ati nsemerere iki?Ut’Abafise umubiri Bose n’ivyatsi gusa,n’ubwiza bwabo bwose bumeze nk’amashurwe yo ku musozi.
7/Ivyatsi biruma,amashurwe agakabirana,kukw Impwemu z’UHORAHO zibihuhako,n’ukuri abantu n’ivyatsi gusa.
8/Ivyatsi biruma, amashurwe agakabirana,arikw ijambo RY’IMANA yacu rizohorah’ibihe bidashira.
10/Eh’UHORAHO IMANA azoza afise ubushobozi,kand’ukuboko kwiwe kuzomutwarira.raba,azoza azanye impera,kand’inyishu yiwe kir’imbere yiwe.
11/Azogira umukuku wiwe nk’umwungere,azoterura imyagazi mu maboko,ayitware mu gikiriza,kand’izonsa azoziyobora buhoro_buhoro.👏AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏