Umutumiro w’amasengesho yo gusengera abarundi n’uburundi yo kuwa 14/03/2018

Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Uburundi n’Ihanga ry’Imana.

Turabaramukije amahoro atangwa n’Uhoraho tuti Shalom! Nkuko twama tubigenza ku minsi ya Mercredi na Samedi, dufise igikogwa twategetswe n’Imana co gusengera uburundi n’abarundi.

I. URUFATIRO: “ Mwiyubare abashira imbere ububi bw’abandi kuko baba bariko baranyegeza ububisha bwabo; Mugirire abandi ivyo mushaka yuko namwe babagirira kandi ntimucibwe inkokora nivyo mubonesha amaso kuko Uhoraho ategurira mw’ibanga kubatabara (Matayo 7:12)”

II. ICIVUGO MURI AYO MASENGESHO: Dukunde Imana, Dukunde Abantu kandi Dukore ibikogwa vyo kwamamaza ubwiza bw’Imana. Ni mureme ntimucike inkokora ari kurugi.

III. INYIGISHO:

1. Ugukunda Imana n’abantu (Matayo 22:37, Yohana 13:34)

– Urukundo ni ibwirizwa kuko udakunda ntazi Imana kuko Imana ari urukundo (1 Yohani 3: 11, 14-15, 4:7, 20-21, 5:1)

– Ugukunda ni ukwamizako mbere no mubihe bigoye (2Timoteyo 3:1-3)

-Urukundo rusaba ukwitangira abandi ( Abaroma 12:10, Matayo25:34-40)

2. Ukwamamaza ibikogwa vyiza bifise ibanga rihambaye.

– Gukorera Imana bitanga ubushobozi budasanzwe (Abigalatiya 5:22, Abaroma 5:22)

-Gukorera Yesu bituma tugera ikirenge muciwe ( Matayo20:28, Abifilipi 2:7, Yohani 13:12-17)

– Gukorera Imana bituma twitangira abandi mu munezero ( 1Abikorinto 13:1-13)

IV. IMITWARO Y’AMASENGESHO

-Ubumwe, Urukundo n’ukugororoka mw’ihanga ry’Imana ABISEZERANO.

– Urukundo mu barundi mu butandukane bwabo bw’amoko, intara, amadini, imigambwe n’amikoro.

– Abahamagariwe bose gukoreshwa mu mugambi w’Imana w’isezerano ku Burundi

– Abarwaye, abapfunzwe, impunzi, abashonje, abugarijwe n’ubukene, abatuntujwe n’akarenganyo n’ububisha bubera mugihugu, impfuvyi n’abapfakazi.

Umwami wacu Yesu Kristo abazigame mwese.

Ni dusangwe Imana Uburundi n’Isezerano.

Bigiriwe i bujumbura kuwa 13/03/2018

http://www.abisezerano.com

Publicités