Urugo rwa Leonce NGENDAKUMANA rwasatswe n’abaporisi

Abaporisi basatse mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri urugo rwa Leonce NGENDAKUMANA, icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, akaba yahoze ari umukuru w’inama nshingamateka mu mwaka w’1995. Leonce NGENDAKUMANA avuga ko abo baporisi ataco batoye ku rugo iwe.

Iryo sakwa ryatanguye mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, abaporisi benshi akaba aribo babanje gukikuza urwo rugo rw’uwutavuga rumwe n’ubutegetsi ruri i Kiriri mu gisagara ca Bujumbura.

Inyuma y’iryo sakwa, Leonce NGENDAKUMANA yatumenyesheje ko atacafariwe ku rugo iwe, akavuga kandi ko mu mugambwe SAHWANYA FRODEBu asanzwe ari icegera cawo, ata mugambi w’ugutunga n’ugukoreha ibirwanisho bafise.

Publicités