Amerika : Umunyamabanga mukuru wa Reta yakuwe

Umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yakuye umunyamabanga mukuru wa Reta, Rex Tillerson, amusubiriza na Mike Pompeo arongoye urwego rw’iperereza rya Amerika (CIA).

Umukuru w’igihugu ca Amerika Donald Trump aremeza igenwa rya Mike Pompeo, abicishije ku rubuga ngurukana bumenyi rwiwe rwa Twitter, nk’uko vyemezwa n’ikinyamakuru « Washington Post ».

Gina Haspel nawe yaciye atorwa kuba umukuru w’urwego rwa CIA asubirira Mike Pompeo. Abaye umukenyezi wa mbere atwaye urwo rwego muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Publicités