Ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka bwatanze imiriyoni zirenga 256 z’intererano y’amatora

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka bwatanze intererano y’amatora yo mu mwaka wa 2020, y’amafaranga 256.712.000 y’amarundi, kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 13 Ntwarante 2018.

Ayo mafaranga yatanzwe kuri konte iri mw’Ibanki Nkuru y’igihugu mu gisagara ca Bujumbura, n’umushikiranganji w’ubutare n’agataka, amasoko ntanganguvu Come MANIRAKIZA.

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu buje bukurikira izindi nzego za Reta hamwe n’abantu ku gatwe kabo bamaze gutanga intererano y’amatora, igikorwa catangujwe n’umukuru w’igihugu aho yatanze imiriyoni zitanu z’amafaranga y’amarundi kubwo umuryango wiwe.

Mu nzego zimaze gutanga amafaranga y’intererano, ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka amasoko ntanganguvu bubaye ubwa mbere butanze amafaranga menshi, imbere y’ubushikiranganji bw’indero bwatanze ayarenga gato imiriyoni 130 z’amarundi.

Publicités